RDC:Imibare y’abana banduye virusi ya Ebola irarushaho kuzamuka

Imibare  y’abana banduye virusi  ya  Ebola mu  Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo muri iyi misi ya vuba ikomeje kuzamuka, nk’uko bivugwa n’ishami ry’Umuryango w’abibumbye  rishinzwe ubuzima  kw’isi.

Mu mibare mishya , OMS ivuga ko mu bantu 36 basanganye iyo ndwara muri icyi cyumweru, 7 bari impinja,abandi ari abana bari musi y’imyaka ibiri.

Byibazwa ko ababyeyi bashobora kuba banduza abana biciye mu mu kubonsa.

Umuryango w’abibumbye  ushinzwe ubuzima  kw’isi uvuga ko utewe impungenge n’uko  ibigo by’ubuvuzi bitazwi birimo birafasha gukwirakwiza  iyo ndwara kubera nta buryo bafite bwo kuyirwanya, aho hamwe na  hamwe bagikoresha urushinge incuro irenga imwe.

 Uyu muganga yarajyanye umwana w’imisi ine mu kigo bavuriramo Ebola.

 

Loading

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *