Uganda – Afghanistan: Impunzi za mbere zashitse i Kampala

Abahunga Afghanistan
Insiguro y’isanamu,Abanye Afghanistan ibihumbi n’ibihumbi bariko barahungishwa igihugu kuva aba Taliban basubiye kwigarurira ubutegetsi haraheze indwi irenga

Itangazo ryo mu bushikiranganji bwa Uganda bujejwe imigenderanire rivuga ko umugwi wa mbere washitse ku kibuga c’indege ca Entebbe mu ndege yari igenewe kubazana kuri uyu wa gatatu mu gitondo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ni zo zasavye Uganda ko yokwakira bamwe mu banye Afghanistan bariko barahunga ico gihugu kuva aba-Taliban basubiye kwigarurira ubutegetsi.

Ubushikiranganji bwa Uganda bujejwe imigenderanire buvuga ko abo bantu baciye muri Uganda ariko ameherezo bazotera baja muri Amerika n’ibindi bihugu. Ariko ntibiramenyekana igihe bazomara muri Uganda ingene kingana.

Amabarabara yo mu micungararo y'ikibuga c'indege ca Kabul
Ifoto yo muri ino minsi y’amabarabara yo micungararo y’ikibuga c’indege ca Kabul yerekana akajagari k’abarondera gushika kuri ico kibuga kugira bahungishwe

Ku ndwi iheze umutegetsi wo muri reta ya Uganda yari yabwiye BBC ko ico gihugu cemeye kwakira abanye Afghanistan ibihumbi 2 ku busabe bwa reta ya Amerika.

Ariko mu nyuma abategetsi benshi bavuze ko ibiganiro bikibandanya.

Amerika ivuga ko yasavye Uganda kwakira impunzi kubera ingene ico gihugu gisanzwe kizwi neza mu kwakira impunzi.

Uganda isanzwe ihaye indaro umuriyoni w’impunzi zahunze intambara n’ibindi vyago bitandukanye mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko.

src:bbc

Loading

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *