Somaliya:Ingabo za Etiyopiya zaje kuyunganira

Abasirikare ba Etiyopiya  baherekejwe n’ibikoresho by’intambara    ku musi wa kabiri binjiye muri Somaliya ,aho baje gutera ingabo mu bitugu igisirikari cy’igihugu mu rugamba rwo guhashya umutwe w’iterabwoba wa al-Shabab.

Abatuye mu mujyi wa  Dolow wegereye  ku mupaka, mu ntara ya Gedo, bavuga ko babonye ikamyo zigera kuri  30 zirimwo abasirikare ba Etiyopiya zinjira muri Somaliya ku mugoroba wo ku musi wa kabiri.

Abari aho bavuganye n’Ijwi ry’Amerika batifuje  ko amazina yabo atangazwa  bagereranya ko abasirikare  bagera ku 1,000 ba Etiyopiya aribo bambutse umupaka bakinjira Somaliya.

Izi ngabo za Etiyopiya zije  ziyongera ku bandi bagenzi babo babarirwa  mu bihumbi basanzwe bari muri Somaliya ku ruhande rw’ingabo  z’ubumwe bw’Afrika (Amisom) zisanzwe zihanganye  na  al-Shabab  idasiba kugaba ibitero bigahitana ubuzima bw’inzirakarengane .

Ibi bibaye mu gihe  abasirikare ba Leta ya Somaliya hamwe n’ingabo z’amahanga  bategura igitero simusiga ku barwanyi ba al-Shabab nkuko amakuru ava mu butegetsi bwa Somaliya abitangaza.

Loading

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *