Nigeria:Abagera kuri 250 bari abayoboke ba Boko Harambaridegembya nyuma yo kwigishwa

Igisirikare cya Nigeria kimenyesha ko aba bahawe uburenganzira bwo kwishyira bakizana  bamaze guhabwa inyigisho zibakuramo ingengabitekerezo bari baracengejwemwo na Boko Haram, kandi ko ubu bashobora kubana n’abandi mu buzima busanzwe.

Aba bose uko bari bafunzwe bari bashikirijwe umuyobozi  wa leta ya Borno, imwe mu ntara zibangamiwe n’ubugizi bwa nabi bwakuruwe  na Boko Haram.

Bose uko bangana bari bagizwe  n’abana, abagore ndetse n’abagabo.

Mu kwezi kwa cumi umwaka ushize, habaye imanza zo kuburanisha mu kivunga abakekwa gukorana na Boko Haram, abenshi muri bo bari bamaze imyaka bafunzwe bataracibwa imanza.

Loading

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *