AmakuruibidukikijeMuri AfurikaNewsPoliticsPolitikiUbukunguUncategorized

Perezida Ruto na Perezida Samia bashamiranye ku mugambi wo kwubaka uruganda rutunganya ibitoro

Perezida wa Tanzania, Samia Suluhu, yagaragaje impungenge ku mugambi waganiriweho na Kenya na Uganda wo kwubakira hamwe uruganda rutunganya ibitoro mu gisagara ca Tanga kiri mu buraruko bwa Tanzania.

Avuga ku wa mbere mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabereye i Dar es Salaam, aho yari yakiriye Perezida wa Kenya William Ruto, Perezida Samia yavuze ko atigeze amenyeshwa uwo mugambi wo kwubaka urwo ruganda mu gihugu ciwe.

Yabajije ati: “Kubera iki (Perezida Ruto) wagiye gutangaza uruganda rw’igitoro i Tanga utabanje kungisha inama?”

Perezida Ruto, ari mu rugendo rw’akazi rw’iminsi ibiri muri Tanzania, yemeye ko hari ukutumvikana kuri ico kibazo, avuga ati:

“Naramenyeshejwe ko ayo makuru (yerekeye uruganda rw’ibitoro ku kivuko ca Tanga) atakiriwe neza… Iyo ndabimenya, nari gutangaza ko urwo ruganda rwokwubakwa i Mombasa (igisagara ca Kenya kiri ku kiyaga), kuko kwubaka uruganda nk’urwo ari akaryo kanini ku bucuruzi n’iterambere.”

Uwo mugambi wa Perezida Ruto wazanywe mu gihe akarere ka Afrika y’Ubuseruko kaguma gakeneye cane ibitoro bitunganijwe bizanwa bivuye hanze, cane cane biva mu Buseruko bwo Hagati, ivyo bigatuma ako karere gashobora guhungabanywa n’ihagarara ry’ivyo bicuruzwa canke ihindagurika ry’ibiciro, nk’uko vyabonetse mu ngaruka z’intambara hagati ya Amerika na Iran.

Mw’ijambo yashikirije mu nama yabereye i Nairobi itariki 23 z’ukwezi kwa kane, Prezida Ruto (Samia ntiyari yaje) yagize ati: “Tugiye kwubaka uruganda duhuriyeko i Tanga (muri Tanzania) kugira rudufashe twese, kuko urwo ruganda ruzotwara ibitoro biva muri DRC, ibitoro bivuye muri Kenya, ibitoro biva muri Sudani y’Epfo no muri Uganda.”

Umutunzi wa mbere muri Afrika, Aliko Dangote, yari yitavye iyo nama, yavuze ko niyashika ku masezerano n’ubutegetsi bwo muri Afrika y’Ubuseruko, azokora ibishoboka kugira urwo ruganda rwubakwe mu myaka ine canke itanu iri imbere.

Naho hari izo mpungenge, uru rugendo rwa Ruto rwashimangiye imigenderanire myiza hagati y’ibihugu vyombi. Perezida Samia na Perezida Ruto bashize umukono ku masezerano umunani ajanye n’ubudandaji, inguvu zitonona ikirere, umutekano, ubuhinga bwa none, ibikorwa remezo, uburimyi, ubukerarugendo hamwe no mu vy’indege.

Perezida Ruto yarashikirije kandi iciyumviro co gushinga inzira nini y’ubwikorezi yo mu karere, asaba ko hategurwa umugambi wo gushiraho umuhora w’ubwikorezi uva mu nzira ya gariyamoshi ya Kenya ugashika mu Burundi uciye muri Tanzania.

Uretse ibikorwa remezo, ivyo bihugu vyompi vyarashitse ku masezerano y’ubudandaji arenga 20 afise agaciro k’amadolari ya Amerika imiriyoni 500, akora ku bijanye n’ubukerarugendo, uburimyi n’inganda, mu gihe impande zompi zishaka gutsimbataza imigenderanire y’ubutunzi no gukuraho intambamyi z’ubudandaji zimaze igihe kirekire.

Loading